Overblog
Suivre ce blog Administration + Créer mon blog
  FAMILLE AFRICAINE

Nimuhebe ikinyoma - Séparez-vous du mensonge

9 Décembre 2015, 10:38am

Publié par Theon Tuyisabe

IKiganiro caciye kuri Radio Maria/Burundi

kw'igenekerezo rya 19.11.2015

Tuzirikane: “Nimuhebe rero ikinyoma, umuntu wese avugane ukuri na mugenziwe, kuko turi ingingo za bagenzi bacu.”

Muri kino gihe, abarundi benshi baripfuza kumenya ukuri kuvyadushikiye n’ivyo turiko turacamwo muri iki gihe. Ariko, uvyihweje neza, biragoye kubona ingene ukwo kuri kwoja ahabona mu gihe ku mpande zitandukanye hoba hakirimwo ukwirondera canke ukwiyorobeka. Aha hari ikibazo gihambaye! Kuko usanga benshi bashaka kumenya ukuri ku bandi kandi nabo batipfuza ko hamenyekana ukuri ku bibi bakoze canke ku nabi bariko barakora. Ku rundi ruhande naho umwe wese ugasanga ashaka ko bose bamenya ko yakoze neza, kandi nawe adashima kwemeza ko n’abandi hariho ivyiza vyinshi bakora. Iyo ngorane irateye ikibazo gihambaye cane, kuko umwe wese yihutira kwagiriza uwundi kandi nawe adashima ko hari uwomwagiriza.

Abantu bamaze kuzira ukuri ntibagira ukwo bangana: Yohani Baptista Herodiadi yatumye ngo bamuce umutwe aho ari mw’ibohero, ngo kubera adashaka ko aguma avuga ukuri ku nyifato mbi yubusambanyi yariko agenderamwo ico gihe (Mariko 6, 14-29). N’Umukama wacu Yezu Kristu yishwe azira ko ariko yemanga ukuri kuri mu migambi y’Imana, ukuri kwagiriza abantu bakora inabi. N’abandi benshi bamaze kuhasiga ubuzima kubera kuvuga ukuri.

Turazi ko kuvuga ikinyoma kenshi biteranya canke bigasambura ubuzima. Kandi bavuga ngo “Si igihe cose bategerezwa kuvuga ukuri.” Ivyo rero bigaca vyerekana ko ukuri kutaboneka ku rugero rumwe. Bisaba rero kwiyumvira ikjneza ukuri ico ari co. Ariko kandi, ntitwoshima guherukira ku kwibaza ngo “Ukuri ni iki?” nka kumwe Pilato yabaza Yezu (Yohani 18, 38). Ivyo vyohava bituma tuguma mu mpari z’urudacika. Canecane rero twoshira imbere nyabuna ukuri gukiza ubuzima, canke ukuri gukenewe kugira ngo haboneke ubungane mu bantu, haboneke ineza, haboneke amahoro nyayo.

Tubirabiye kuri ubwo buryo butumbereye, tubona ko ukuri ari inkingi bishimikiyeko ivyo vyose bitegerezwa gukoreshwa kugira ngo haboneke urwubako nyarwo rubereye zina kiremwa muntu n’agateka kiwe mu muryango w’abantu; Kuri twebwe abemera, Yezu Kristu wenyene niwe kuri nyakwo, niwe kuri kudukiza, niwe kuri gushobora gukiza isi n’ibiyiriko vyose, nka kumwe wenyene yavyivugiye ati: « Jewe ndi inzira, ukuri n’ubuzima » (Yohani 14, 6). Imvugakuri, ihanze amaso Yezu, ishingiye kuri Yezu. Kugira rero ube kumwe na Yezu n’uguheba ikinyoma. Nk’uko Pahulo abihamagarira abanyefezi (Abanyefezi 4, 25-32), abarundi barahamagawe kuva mu kinyoma. Mukurondera amahoro mu Burundi, duhamagariwe kugwanira ukuri no kuba abavuga ukuri. Umukama avuga ati: « Ukuri kuzotuma muba abidegemvya » (Yohani 8,31-36).

Mubikorwa vy’abatumwa inkuru ya Naniya na Safira, iradukorako (Ibik. 5,1-11). Iratwereka ukwo kubura umwidegemvyo kw’umubeshi. Nkako, Naniya n’umugore wiwe bagurishije itongo ryabo kugira ngo bazane ikiguzi bashire hamwe n’abandi bagize umuryango w’abemera, kuko bashaka kubaho nk’abavandimwe basangira vyose. Ariko kubera batanze igice, bakumvikana ko babesha ngo batanze yose, Petero Mweranda yari ahagarariye Ekleziya yo mu ntango, yaciye abibona muri Mutima Mweranda, maze ikinyoma ca Naniya n’umugore wiwe gikubitirwa ahabona, bompi ukwo ari babiri bapfiriye imbere y’ishengero rikoranye, gurtyo Imana iba irerekanye ko yihanije ikinyoma mu muryango w’abemera.

No mubwuzure bwa kera, mu gitabo c’umuhanuzi Daniyeli (Daniyeli 13), baratwereka ingene Suzana, umupfasoni wa Yohakimu yagira akoregwe inteba ishushe n’abantu bokwiswe abahumure, bagomba kumushurashuza, babonye abankiye barondera kumwicisha bakoresheje kumubeshera ngo bamufashe ariko asambana n’uwundi musore. Abarundi bati “ukuri ntikuvuga uwukuze, kuvuga uwukuzi”. Daniyeli kari agahungu gakerebutse. Imana niko yaciyeko kugira ngo ihinyuze ikinyoma ca ba batama babeshera Suzana bashaka ngo ishengero rimwicishe amabuye. “Ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka”. Ikinyoma kirahera, ariko “ukuri guca mu ziko ntigusha”.

Ukuri gushimikiye ku gushaka kw’Imana nikwo kwonyene gushobora gutuma haboneka amahoro arama. Nkako ukuri kuva ku Mana, kandi ni yo itubuza kuvuga ibinyoma. Amahoro turondera mu Burundi ntashoboka mu gihe abatwara n’abatwarwa batungiye imigenderanire yabo mukuri. Twese dukwiye kugira imvugo y’ukuri, kuko “kuvuga ukuri birabohora”, bikongera bikaba isoko ry’amahoro n’iterambere mu gihugu. Kandi kuba imvugakuri bijanye no gukorera mu muco. Twemere, twemange, turemeshe kandi dushigikire ukuri n’abavuga ukuri naho ukwo kuri kwoba kuvuzwe n’abo tudasangiye ivyiyumviro canke imigambi. Ariko kandi kuvuga amajambo y’ukuri vyonyene ntibihagije. Nk’uko umuhinga Socrate yabivuze ati: « …ivyo ugira umbarire, niba atari ukuri, ntibibe vyiza, ngo bibe ngirakamaro, ntavyo nipfuza kumenya. Ati kandi nawe, ndakwipfuriza kuvyibagira…. », mukuvuga ukuri, umuntu yoshira imbere cane cane urukundo, akaraba ico ukwo kuri kuzana. Naho yoba ari amajambo y’ukuri kuyavuga ntaco vyoba bimaze mugihe bivuye ku rwanko, canke mu gihe bigamije kwica canke gusambura ubuzima bw’umuntu canke ubuzima bw’umuryango w’abantu.

Tugerageje gutera intambwe muri ukwo gutahura ukuri ico ari co, dusanga ko ukuri kwo mu majambo kwonyene ataco kumaze. Nk’uko duhejeje kubibona, ukuri nyakwo ni ukuzana ubuzima bwiza, ukuri nyankwo ni ukuzana amahoro, ukuri nyakwo ni ugutuma haba ukwiyumva neza, ukubana neza n’ugufashanya hati y’abagize umuryango. Amajambo rero yonyene ntaco amaze. Igikenewe cane, ni ibikorwa vy’ukuri, ibikorwa bikiza, ibikorwa vyubaka, ibikorwa bituma umwumwe wese ashobora kuronka agateka kiwe nk’uko Imana yamuremye ibimwipfuriza.

Twavuze ko ukuri nyakwo kuva ku Mana. Ukuri nyakwo tukuronderere aho kuri. Pilato amaze gukubitisha Umukama Yezu kandi ata kibi yabonye kimwagira, yamuzanye aho bose babona abwira ishengero ati: “Ng’uyu umuntu wanyu!” Ni nk’uko yari kugira ati: “Ng’aka akarorero k’ukuri!” Yezu yariko aravirirana, ababara azira ububisha n’ubugaba bw’abantu. Ntiyarondera kwisigura, kandi ntanumwe yagiriza; maze agashima kwitangako inkuka, kugira ngo abantu baronke urukiza, baronke ubuzima. Ng’ukwo ukuri nyakwo kuva ku Mana. Biragoye gutahura; kandi biragoye kwakira. Ariko mu buzima rukristu ni ako karorero dusabwe gukurikiza.

Umwe wese arashobora kuvuga amakosa umwundi ariko arakora. Ariko ninde arondera kwibabaza kwihangana no kwibabaza kugira ngo haboneke amahoro. Ko mbona ata muntu numwe adacumura, turondeye kuvuga ukuri dushaka vyonyene, tukibagira urukungo n’ikigongwe vyotumarira iki? Aha hari ikibazo gihambaye dukwiye kuguma tuzirikana mu gihe dushaka kuba mu mahoro. None ubuzima bwacu twoshima ko bwoherera mu kwagirizanya gusa ibihe vyose gushika ku musi w’umuhero? Turondeye kuguma twagirizanya gusa naho, ninde azohebera uwundi kugira ngo haboneke uwukwiye kuguma abaho, haboneke igisigarira c’ubuzima kuri iyi si.

Kuri uyu musi wa kane dusanzwe, mumasaba mana ya Eklesia, duhanga amaso isakramentu ryeranda, twihweza Yezu muri ukaristiya, Yezu we kuri kuzima, duhamagariwe kurondera ukuri, guhanga amaso ukuri n’umwizero mwinshi ku Burundi. Mwisakramentu ryeranda, twese abemera dushikana ibintu vyacu vyose. Harimwo na bibi dukunda gukora, nko kubesha no kubeshera abandi, kurementanya no kurementaniriza abandi, tukabivanga n’ibitutsi, imivumo n’irementanya vyakorewe Yezu igihe baja kumubamba. Igihe, munkuka ya misa, umukate uhinduka umubiri wa Kristu, umuvinyu ugahinduka amaraso ya Kristu, ibitutsi, ibinyoma, n’amarementanya akorwa kira musi, avanganywa n’ibitutsi, ibinyoma n’amarementanya yakorewe Yezu.

Muri ukaristiya, tuzukana na Yezu muvy’ukuri. Yezu yapfuye, gurtyo ahamba ikinyoma, hanyuma arazuka atuzanira umwakaka w’ukuri. Ukaristiya rero ni akaryo turonka ko gutyororwa, tukava mukinyoma, tukinjira mukuri kubw’izuka rya Yezu Kristu. Duhanga Yezu kumusaraba, tubona Yezu adukiza ikinyoma. Adukura mubuja bw’ikinyoma, akadushira mumwidegemvyo w’ukuri. Ukuri kurakiza, Yezu arakiza. Uburundi bwacu bukizwa n’ukuri.

Muri ino nyigisho, ndahamagaye abarundi bose, abakristu, n’abatari abakristu, ngo bavavanure n’ikinyoma, baje mukuri. Kugira tuve mubibazo dufise, duhamagariwe kwiyeza umwe wese mukuri. Umutima w’ukuri twarawuhawe, yezu yarawuturungikiye kuri pentecote, aho abatumwa bari bagize ubwoba bwo kuvuga ukuri, bakaza babona imbeya z’umuriro, zihagarara kumutwe w’umw’umwe wese, bagaca batangura kuvuga izindi ndimi, bashingira intahe ukuri. Kubwa mutima mweranda, abatumwa bavuga ukuri badatinya, uwabumva wese yarabatahura, mbere mururimi rwiwe. Ukwo kuri nikwo dukeneye kwumva i Burundi, kugira dukire kumutima, hanyuma dukize abandi.

Inzira y’amahoro ku Burundi, ni iyo kwinjira mukuri, mukwakira Mutima w’Imana yuzuye ukuri. Ukuri ntikurondera guhohotera ubuzima bwa kiremwa muntu, ukuri ntikwica, ukuri ntikurondera gukwega intambara. Bavukanyi, rondera ukuri mukwigaya, mukuvavanura n’ikinyoma, hanyuma mukwakira Mutima Mweranda we rumuri rutazimiza, ruboneshereza ukuri. Aha rero, ni umwe wese ahamagawe muruhara rwiwe, mumutima wiwe, kugira ashingire intahe ukuri bimwe vy’imvamutima, atari ivyomekerano.

Umwe wese aho abaye, n’aje mukuri kandi ukwo kuri kuzomukiza. Duce mu makanda ya Bikira Mariya, twakire ukwo kuri, nk’uko yakiye Yezu mu mbanyi yiwe. Yishize muminwe y’Imana, yishura umumalayika w’umukama ati « jewe ndi umusavyi w’umukama, ni bibe nk’uko ubivuze ». Twakire natwe ukwo kuri mukwishira mu biganza vy’Imana tuti : ishaka ryawe ni riranguke. Kurya Bikira Mariya yaganiriye n’umumalayika kugira ukuri kudushikire, iryo shaka ry’Imana rije mungiro, dusabwe rero kuganira turondera ukuri, noneho abarundi barayamaze ngo : ukuri gushirira mukiyago. Murakoze./.

~~~~Ikiganiro co kuwa kane igenekerezo rya 19/11/2015 igihe c'isaha cumi n'igice

Cashikirijwe na Tuyisabe Théon, Umwigisha kuri za Kaminuza z'igenga zo mu Burundi

akaba yanonosoreye ivy'ingo n'imibano muri Kaminuza yitiriwe Papa Jean-Paul II

~~http://familleafricaine.over-blog.com,

Voir les commentaires